Amakuru
31 janvier 2024

Uwuzohirahira agakora ku mvubu azokwicuza (Martin Niteretse)

Nta muntu afise uburenganzira bwo gukora ku mvubu iyo iriko icungera akarere kayo. Ako ni akamo k’umushikiranganji w’Umutekano. Martin Niteretse yabivugiye mu nama yariko akorana n’abajejwe umutekano n’intwaro, hamwe n’abaserukira amadini mu gisagara ca Bujumbura ku munsi wa mbere. Yagabishije abanyagihugu kubera inkuru z’uko hari imvubu imaze iminsi itera abantu baba hafi y’ikiyaga Tanganyika i Bujumbura. Ku bwa Martin Niteretse, abantu bahaba ni bo bategerezwa kwigira kure.