Amakuru
1 septembre 2022

Uwuzocuruza ibidandazwa ku giciro kitari ica leta azohanwa

Abagwizatunga babishoboye barahawe uburenganzira bwo kurangurira isukari mu bihugu vyo hanze kugira ngo ize gusahiriza umwimbu wa SOSUMO. Ivyo ni ibishikirizwa n’umushikiranganji w’Ubudandaji, Marie Chantal Nijimbere. Akaba yabivugiye mu ntara ya Cibitoke aho yariko yishura ku kibazo kijanye n’ikena ry’isukari. Marie Chantal Nijimbere arongera akagabisha uwo wese yikika mu kiza mu kwishiriraho ibiciro.