Amakuru
15 janvier 2024

Uwurongoye amabohero mu Burundi aranegura ko Floriane Irangabiye afatwa neza i Bubanza

Uwurongoye ibiro bijejwe amabohero mu Burundi amaze iminsi atera ubwoba umuyobozi w’ibohero rya Bubanza. Ico amuhora ngo ni uko afata neza umumenyeshamakoru Floriane Irangabiye apfungiwe muri iryo bohero. Ku bwiwe akabona ko Floriane ahubwo akwiye guhohoterwa. Ingendo y’uwo arongoye ibiro bijejwe amabohero, vyanatumye abakozi bamwe bamwe b’amabohero atandukanye batangura kuvuga amajambo yibonekeza ko ata neza bashakira uwo mumenyeshamakuru.