Amakuru
28 juillet 2023

Uwuja gukira indwara arayirata, ubutegetsi bukwiye kwemera ko agateka ka zina muntu gahohoterwa

Uburongozi bw’amabohero hamwe n’abarongoye ibohero rya Muyinga bakwiye kwikubita agashi bakareka Floriane Irangabiye akaja kwivuza. Bisabwa n’ishirahamwe ESDDH ryishinze gushigikira abaharanira agateka ka zina muntu bageramiwe. Babisavye inyuma y’aho ibohero rikuru rya Muyinga ryankiye umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga, kuja kwivuza. Félicien Irimbere, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, akagabisha abo bategetsi ko hamwe Floriane Irangabiye yogira ico aba bobibazwa.