Amakuru
14 septembre 2022

Urwego rw’Abashingantahe rugiye guhagarikwa mu Burundi

Urwego rw’Abashingantahe rugiye kuvaho. Ruzosubirizwa n’Inama y’abahuza ku mitumba batowe ku munsi wa mbere mu gihugu cose. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Martin Niteretse akaba yabivugiye ku mutumba Magamba, komine n’intara ya kayanza. Na yo ku bwa Emmanuel Sinzohagera, arongoye Inama nkenguzamateka, we akaba yahamagariye abahuza bo ku mutumba Nyambuye, komine Isale mu ntara ya Bujumbura kuba abahuza batarya ibiturire, batagira nkunzi, akamenyesha ko uwutazotunganiriza neza umunyagihugu, umukuru w’Igihugu azomukura nk’uko ariko arakura abandi. Tubamenyeshe ko urwo rwego rw’abahuza bo ku mitumba ruje kworohereza abanyagihugu mu gutatura amatati y’amatongo n’ayandi batarinze kuja mu masentare.