Urwego rw’igihugu rujejwe gukinga ibiza n’ugutabara abo vyashikiye rubona ko kwubakira inkombe uruzi Rusizi ku bilometero bibiri gusa atari umuti urama ku kibazo c’imyuzurira itera muri zone ya Gatumba, nk’uko abanyagihugu b’aho bama babisavye. Anicet Nibaruta, arongoye urwo rwego, abona ko nyabuna hoziburwa inzira iri i Vugizo kugira amazi y’urwo ruzi ace mu nzira zibiri.
Amakuru
20 janvier 2024
