Amakuru
19 septembre 2023

Gushiraho amabombo akoresha amazi avuye mu kuzimu, imwe mu nzira zo kwirinda indwara ya choléra

Umurwi w’igihugu ujejwe gukinga ibiza n’isibe umenyesha ko uriko urakwiragiza amabombo akoresha amazi avuye mu kuzimu mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu gihe indwara ya choléra yasubiye kwigaragaza, mu makaritiye amwe amwe na ho hakaba harangwa ubukene bw’amazi. Anicet Nibaruta, arongoye uwo murwi, amenyesha ko bariko bahera mu makaritiye amaze kugaragaramwo iyo ndwara.