Amakuru
30 novembre 2022

Urwego nshingwantwaro rwa Kira Hospital ruriyamiriza ubusuma buriko bukorwa muri ivyo bitaro

Uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’ibitaro KIRA n’uwuserukira abanyamitahe barandikiye umukuru w’Igihugu bamumenyesha ubusuma n’ikoreshwa nabi ry’amafaranga biriko bikorwa n’abarongoye ivyo ibitaro. Bimwe biyamiriza muri iryo kete, harimwo gusohora amafaranga atazwi icagiye gukora, hamwe n’uko ibitaro vyatakaje abakozi bari bafise uburambe mu kazi. Basaba y’uko abanyamitahe bikorera utwabo bosubira kwemererwa gukorana n’abarongoye ibitaro, bagasaba kandi ubugenduzi bukuru bwa leta gukurikirana ico kibazo.