Amakuru
19 décembre 2022

Urwaruka rw’Abarundi rurabangamiwe n’ikiza ca SIDA, nk’uko bimenyeshwa na ANSS

Igitigiri kinini mu Burundi c’abandura bashasha ikiza ca SIDA ni urwaruka. Bivugwa na Jeanne Gapiya, yashinze ikigo ANSS gifasha abarwayi ba SIDA, hari ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Kigarama. Agahamagarira Abarundi bose kuguma bari maso mu kurwanya ico kiza. Akaba yabivuze igihe hariko harahimbwazwa imyaka 30 iheze ico kigo gishinzwe.