Amakuru
28 décembre 2022

Abagendana umugera wa SIDA ntibavurwa neza mu bigo birenga 700 ku 800 vyabagenewe

Ibigo birenga 700 ku 800 vyashizweho na leta ngo bikurikirane abagendana umugera wa SIDA ntibifise uburyo n’ubushobozi bwo kubavura, na cane cane iyo barwaye indwara z’ivyuririzi nka cancer yo mu bwinjiriro bw’igitereko canke nka hépatite. Bivugwa n’umuhuzabikorwa mu runani rw’abagendana umugera wa SIDA, Benjamin Nicayenzi. Akavuga ko abatwara botora umuti w’ico kibazo mu gihe kiriko kirasubiza inyuma ibikorwa vyo kurwanya uwo mugera.