Amakuru
2 mars 2023

Urwaruka rurakwiye kwiheka ku biteramo vy’akaranga kugira rumenye vyinshi

Igiteramo co kuri uyu wa gatanu ciswe KAZE RUGAMBA kigamije gufasha urwaruka rw’Abarundi n’Abanyarwanda kwikangura ngo rubone ko rukwiye kwitanga mu guteza imbere imicokama yarwo. Ico ni icipfuzo ca Omer Nzoyisaba, umwe mu barongoye amashirahamwe y’akaranga, bari kandi mu batunganije igiteramo co kuri uyu wa 3 Ntwarante. Amenyesha ko izina ry’igiteramo ubwaryo ari umutwe w’icirwa kizofasha abantu mu gusubiza iteka imico n’akaranga vy’ivyo bihugu bibiri.