Amakuru
20 juillet 2023

Guha agaciro imicokama ya Afrika ni yo ntumbero y’igiteramo Heart of Africa

Umurwi ndangakaranga w’Uburundi Intwari, ukorera mu gihugu c’Urwanda, uriko uritegurira igiteramo wise « Heart of Africa » (Umutima wa Africa). Ico giteramo kikaba gitegekanijwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Mukakaro. Omer Nzoyisaba, yatunganije ico giteramo, amenyesha ko gifise intumbero yo guha agaciro ubutunzi kama bwa Afrika, na cane cane ubw’ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda bisanzwe bihuriye kuri vyinshi.