Amakuru
7 août 2024

Urwanda ruriko rusubiriza mu nkoko Ububirigi mu kwanka uwubuserukira i Kigali (A. Rudatsimburwa)

Imigenderanire hagati y’Urwanda n’Ububirigi iguma yunyuka. Ububirigi buheruka kwisubirako mu kwanka gusaba ko Urwanda rwemera uwubuserukira mushasha i Kigali. Ububirigi bukaba bwari bumaze amezi 6 bubisavye, ni ukuvuga aho uwubuserukira wa nyuma mu Rwanda yagiriye. Urwanda kuva ico gihe rukaba ata co rwari bwishure. Ivyo bikaba vyavuye ko Ububirigi bwanse Vincent Karega yari yagenywe n’ubutegetsi bw’Urwanda kuja kubuserukira i Buruseri. Ku bwa Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru akaba n’umusesanguzi mu vya politike, Urwanda ruriko rusubiriza mu nkoko Ububirigi. Ngo na cane cane ko Ububirigi busa n’ubutega amatwi cane leta ya Congo ku bijanye na Vincent Karega, yirukanywe i Kinshasa, aho yahora aserukira Urwanda.