Amakuru
18 mai 2022

Ururirimbo ruhayagiza umuvukano mu karere, rushobora kuba kimwe mu vyogarukana amahoro

Hasohowe ururirimbo ruhayagiza kubana mu mahoro rwaririmbwe n’abaririmvyi b’Abarundi, Abanyarwanda n’Abanyecongo. Hari kuri uyu wa 16 Rusama usanzwe ari umunsi mpuzamakungu wahariwe kubana mu mahoro. Ishirahamwe La Benevolencija, ryafashije abo baririmvyi, rimenyesha ko icatumye ritunganya urwo ruririmbo ari ukwigisha ababa muri ivyo bihugu ko bashobora kubana mu budasa bwabo.