Amakuru
4 novembre 2021

Ugufatana mu nda, kimwe mu vyogabanya amabi akorerwa abamenyeshamakuru

Abamenyeshamakuru baracazira umwuga wabo haba mu Burundi canke mu bindi bihugu. Umumenyeshamakuru Nestor Nkurunziza yabishikirije kuri uyu wa 02 Munyonyo usanzwe ari umunsi wahariwe ukurwanya ukudahana amabi akorerwa abamenyeshamakuru. Nestor Nkurunziza agahanura bagenziwe ko boza barakorera hamwe, kuko iyo umuntu ari inyakamwe biroroha kumuhohotera gusumba iyo ari urunani.