Amakuru
11 avril 2023

Urunani CBDDH rurasaba umuco kuri Ernest Manirumva, amaze imyaka 14 agandaguwe

Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu rusaba leta y’Uburundi kwerekana abagandaguye Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME. CBDDH isaba ko leta yofatira ku vyakozwe n’umurwi wa gatatu wagize amatohoza hamwe n’amatohoza ya FBI, kugira baheze bahanwe hisunzwe amategeko. Ako kamo gatewe mu gihe hariko haribukwa imyaka 14 iheze Ernest Manirumva agandaguwe, hari ku wa 9 Ndamukiza umwaka w’2009. Eulalie Nibizi, umuyobozi nshingwabikorwa muri urwo runani, afise amakenga y’uko ukudahana kuri ico caha c’ubwicanyi, kwahaye impigi ababikoze bigatuma n’abandi bose bariko barondera ukuri kuri ubwo bwicanyi bashobora kugirirwa nabi.