Igenekerezo rya 12 Kigarama ni itariki y’umubabaro ku miryango yakorewe amabi atandukanye, amabi yakozwe n’inzego za leta hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure. Ayo mabi arimwo ubwicanyi yakozwe inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi ya gisirikare amwe amwe mu gisagara ca Bujumbura, hari ku wa 12 Kigarama umwaka w’2015. Abantu bagizwe ahanini n’urwaruka baciye bahagarikwa, bamwe baricwa, abandi baburwa irengero, abakenyezi barafatwa ku nguvu mu ma quartiers ya Ngagara, Nyakabiga, Jabe, Musaga hamwe no mu ntara ya Bujumbura. Ivyo vyaha vyose bikaba bitigeze bihanwa gushika uno munsi, n’aho bamwe mu babikoze bamenyekanye. Urunani rw’Abarundi bakorana na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CB-CPI) ruramenyesha abakorewe amabi ko ama dosiye yabo yashikanywe imbere y’ama sentare mpuzamakungu. Umushingwamanza Lambert Nigarura, arongoye urwo runani, amenyesha ko amakuru yose akenewe yegeranijwe n’umurwi w’Ubumwe bwa Afrika uraba agateka ka zina muntu co kimwe n’ibiro vy’umushikirizamanza wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.
Amakuru
13 décembre 2022