Amakuru
30 août 2023

Urunani CAVIB rurahumuriza imiryango ababo babuzwe irengero ko bazoronka ubutungane

Ivyaha bitababarirwa vy’abantu baburwa irengero biracibonekeza mu gihugu kubera ubutungane bwo mu gihugu butarahana ababikoze kuva mu mwaka w’2015. Ni ko bibonwa mu runani rw’abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe amabi akurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu, CAVIB. Mw’itangazo urwo runani rwasohoye kuri uyu wa 30 Myandagaro, umunsi wahariwe ababurwa irengero, umushingwamanza Yves Runyagu, ajejwe imigenderanire muri CAVIB, anegura ko benshi mu bakekwa kuba barakoze ayo mabi basanzwe ari abakozi b’inzego za leta. Asaba Abarundi muri rusangi kwanka no kwiyamiriza ako kabi kabishe, agasaba n’imiryango y’abakorewe amabi kurema kuko amadosiye yabo ari imbere y’amasentare mpuzamakungu.