Amakuru
28 octobre 2021

Urukundo nirwo rwatumye ikigo Maison Shalom kigera ku ntambwe kigezeko uyu munsi

Ikigo Maison Shalom catanguye kizwi mu duce twa Sanzu na Gasanda ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi, ariko ubu kigeze ku rwego mpuzamakungu. Emery Emerimana, yakiriwe n’ico kigo ari umwana, ubu akaba asigaye ari umwe mu ndongozi za Maison Shalom, yabimenyesheje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Gitugutu, aho hariko hahimbazwa isabukuru ry’imyaka 28 ico kigo kimaze. Amenyesha ko ata rindi banga ryatumye iryo shirahamwe rigera ku ntambwe kiretse urukundo rubaranga mu bikorwa vyabo.