Amakuru
26 mars 2024

Amatungo ya Maison Shalom yibwe ku vyagiriji bitagira ifatiro (M. Barankitse)

Birababaje kubona umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, wihagira amatungo ikigo Maison Shalom cari carondereye abana b’impfuvyi badafise ikibafasha. Marguerite Barankitse, yashinze ico kigo, aratangazwa n’ukubona Abarundi basigaye babayeho nk’abari mu muriro udahera kubera intwaro mbi. Agatangazwa n’ingene bahavuye bamwagiriza ko yafashije abagize imyiyerekano mu 2015 kugira baronke icomwagira mu kwerekana igituma banyaga amatungo ya Maison Shalom. Marguerite Barankitse ahamagarira Abarundi kuja hamwe bakiyumvira inzira zishoboka zotuma Uburundi busubira kuba igihugu.