Amakuru
4 septembre 2021

Uruhombo rwa ONATEL ruri ku gatwe ka Leta

Umukozi asanzwe siwe abazwa uko ishirahamwe akoramwo ririko riragenda nabi. Na cane cane iyo ari ishirahamwe ryegukira leta. Iyo nsiguro itangwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rirwanya igiturire n’inyuruzwa ry’amatungo ya Leta, OLUCOME, inyuma y’aho umukuru w’igihugu avugiye ko abakozi ba ONATEL aribo batumye rigera ahatemba. Kubw’uwurongoye OLUCOME, inzego zashizweho na Leta kugira zitunganye ibikorwa vy’iryo shirahamwe nizo zitegerezwa kubibazwa.