Amakuru
19 avril 2024

Uruhara rw’Ubufaransa mw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda rwobazwa Mitterrand (L. Larcher)

François Mitterrand na leta yiwe ni bo bokwagirizwa uruhara ico gihugu cagize muri génocide yakorewe Abatutsi mu Rwanda. Bivugwa n’umwanditsi w’Umufaransa Laurent Larcher mu gitabo yise « Papa, qu’est-ce qu’on a fait au Rwanda » (Papa, twakoze ibiki ku Rwanda). Laurent Larcher amenyesha ko atari Abafaransa bose kuko hari n’abageregeje gutabaza ariko ntibumvirizwe. Laurent Larcher atanga akarorero nko kuri général Jean Varret yatabaje ariko akabizira kugeza aho atanga imihoho.