Amakuru
20 avril 2022

Uruhara rw’abajejwe abakozi mu mugambi wo kunganisha imishahara ni ntangere

Abajejwe abakozi mu bushikiranganji butandukanye ngo bategerezwa gutahura ingendo nshansha ya leta ijanye n’imishahara, umukozi wese agahemberwa akazi yakoze. Vyavuzwe na Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’Abakozi ba leta n’akazi, hari kuri uyu wa mbere mu nama yagiranye n’abajejwe igisata c’akazi mu bushikiranganji butandukanye, uretse ubwo Kwivuna abansi n’Umutekano. Ku bwa Thaddée Ndikumana, abakozi ba leta ntibakiriko baratunganiriza abanyagihugu nk’uko leta ivyipfuza.