Amakuru
25 juin 2022

Aho ukwegereza abanyagihugu ubutegetsi kugeze

Hagiye kwugururwa ibindi bisata bita guichets vy’ubushikiranganji bw’Abakozi n’akazi mu ntara za Kirundo na Ruyigi mu ntumbero yo kubandanya umugambi wo gukwiragiza hose ibisata vy’ubwo bushikiranganji. Vyemejwe na Dr Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’Abakozi n’akazi, kuri uyu wa kane, igihe hariko harahimbazwa umunsi wahariwe abakozi n’akazi ku mugabane wa Afrika, usanzwe uhimbazwa ku wa 23 Ruheshi uko umwaka utashe. Dr Ndikumana akaba kandi yemeye ko ukwo gukwiragiza ibisata mu ntara zose kuzobandanya kugira abanyagihugu biborohere kuronka ivyo bakenera vyose muri ubwo buzi.