Amakuru
7 mai 2022

Imiliyaridi 3 z’amarundi, nizo ubushikiranganji bw’Abakozi bukeneye kugira butunganye akazi gushasha

Umugambi mushasha wo kwegeranya ibiharuro mu bushikiranaganji bw’Abakozi ngo ugiye gushirwaho vuba. Bishikirizwa na Thaddée Ndikumana, umushikiranganji ajejwe ico gisata. Hari kuri uyu wa kane mu nama yo kwemeza uwo mugambi. Thaddée Ndikumana akavuga ko uwo mugambi bawiyumviriye mu gihe ubwo bushikiranganji butari bufise ibiharuro vy’abakozi biri ku gihe. Akamenyesha kandi ko uzotwara imiliyaridi zitatu z’amafaranga y’amarundi mu kiringo c’imyaka ine.