Amakuru
3 octobre 2023

Urugomero rwa Rusumo Force ruzotangura gukora mu kwezi kwa Kigarama

Urugomero rwa Rusumo Force rusangiwe n’Uburundi, Urwanda na Tanzaniya ruzoba rwatanguye gukora mbere rushikirizwe mu kwezi kwa Kigarama gutaha rufise n’ubushobozi bwo gutanga ama mégawatts 80. Vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe ivy’ubutare n’agataka, Ibrahim Uwizeye, hari ku wa gatandatu uheze igihe hariko harasozerwa inama igira iya 15 y’abashikiranganji bajejwe ubutare n’agataka muri ivyo bihugu. Abo bashikiranganji bakaba bashima intambwe ibikorwa vy’uguheraheza bigezeko nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’Uburundi.