Amakuru
4 septembre 2023

Urudandazwa mu Burundi rukorwa n’abategetsi bakuru, biciye kubiri n’amategeko

Amategeko y’Uburundi ntarekurira abakozi ba leta kugira urudandazwa mu ntumbero yo kurwanya ko bivanga mu bijanye n’itangwa ry’amasoko. Ariko rero si ko biri, uhereye ku bategetsi bakuru na cane cane bo mu gisirikare n’igipolisi, ni bo bafise urudandazwa rw’ivyankenerwa mu gihugu nk’isukari n’ibitoro. Ivyo vyemezwa n’umwigisha w’amategeko muri kaminuza, Michel Masabo. Akanegura ingene amategeko afata bamwe bamwe kandi bato bato, mu gihe ku bandi asa nk’uko atayariho.