Amakuru
3 mars 2021

Urubanza rw’umunyororo wo guherayo ruherutse gucirirwa abagirijwe ko bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015, ni urwa politike

Urubanza rw’umunyororo wo guherayo ruherutse gucirirwa abagirijwe ko bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015, ni urubanza rwa politike. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Akavuga ko ivyo bigaragazwa n’ihonyangwa ry’amategeko agenga uko imanza z’ivyaha ziburanishwa ryaranze urwo rubanza. Izo manza, amategeko ategekanya ko ziburanishirizwa ku mugaragaro ariko muri urwo rubanza, vyose bikaba vyabereye mw’ibanga ku buryo n’abagirizwa icaha batigeze bashobora no kumenya ivyo bagirijwe n’umushikirizamanza, gutyo ngo bashobore no kuvyiregurako.