Amakuru
3 février 2023

Urubanza rwaciriwe Floriane Irangabiye ruhonyanga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro

Ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rihonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu mu bijanye no gushikiriza ivyiyumviro, eka rigahonyanga n’amategeko ajanye no guca imanza. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakunzu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch. Afatiye kw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa kane, Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mw’ishirahamwe HRW, igisata ca Afrika, asaba abategetsi b’Uburundi kurekura Floriane Irangabiye ata kirinze gusabwa, no kutabandanya baturubika abamenyeshamakuru n’abandi baharanira agateka ka zina muntu.