Amakuru
8 janvier 2023

Urubanza rwaciriwe Floriane Irangabiye ntirwisunze amategeko, nk’uko bivugwa na ACAT-Burundi

Ingingo yafashwe na sentare nkuru ya Mukaza yo gupfunga umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye imyaka 10, ije kubandanya icapfuza isura y’Uburundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Bivugwa n’umushingwamanza Armel Niyongere, aho anegura iyo ngingo avuga ko yuzuye akarenganyo. Ku bw’uwo arongoye ishirahammwe ACAT-Burundi, urwo rubanza ruhonyanga ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, agasaba y’uko yorekurwa ata kirinze gusabwa.