Amakuru
18 février 2022

Urubanza rw’abagirizwa gukorora Falcon ya Habyarimana rwaheze ku nyungu y’abagirizwa

Ubutungane bw’igihugu c’Ubufaransa bwarasozereye idosiye yagiriza bamwe mu bategetsi ba gisirikare n’abasivile b’Urwanda kuba aribo bateguye ikororwa ry’indege ya Juvénal Habyarimana, hari itariki 6 Ndamukiza mu 1994. Urwo rubanza rwari rwashingishijwe mu mwaka w’1998, rukaba rwasozerewe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2022 n’abacamanza b’igisata ca gasamburamanza mu Bufaransa. Umushingwamanza Bernard Maingain, umwe mu baburanira abagirizwa, yakuwe na télévision Renaissance i Bruxelles mu Bubiligi, avuga ko ari akanyamuneza kubona abo baburanira bejejwe n’intahe.