Amakuru
22 avril 2024

Birababaje ko Ububirigi bwigize sindabibazwa mu gihe c’ihonyabwoko mu Rwanda (Me Maingain)

Umushingwamanza w’Umubirigi Bernard Maingain aranegura ko Ububirigi ata co bwakoze mu gihe c’ihonyabwoko mu Rwanda, aho avuga ko abanyagihugu batatabawe. Akavuga ko na ba basirikare 10 b’Ababirigi bicwa itariki 6 Ndamukiza mu 1994 bari gushobora kurokoka. Barnard Maingain avuga ko hari ivyemezo vyinshi vyerekana ko ihonyabwoko, co kimwe n’iraswa ry’indege yari itwaye Habyarimana, vyari vyateguwe kera. Ku bwiwe, akabona ko ivyo vyerekana ko FPR itari gushobora kurasa iyo ndege.