Amakuru
24 février 2024

Congo y’ubuseruko ishobora kubamwo ubwicanyi bw’ihonyabwoko (Me Maingain)

Urunani rw’abashingwamanza barwanya ubwicanyi bukorerwa Abanyamulenge, Abatutsi n’Abahema, baratabaza ko ata gikozwe hashobora kuba ihonyabwoko mu buseruko bwa Congo. Urwo runani rutewe amakenga na bimwe mu bimenyetso vy’iryo honyabwoko, nk’ubwicanyi bukorerwa abo mu bwoko bw’Abahema, bakorerwa n’ababanyi babo, bikozwe n’imirwi y’iterabwoba y’Abalendu CODECO. Umushingwamanza Bernard Maingain, yavuze kw’izina ry’urwo runani, avuga ko ivyo vyibutsa ivyabaye mu Rwanda imbere y’uko Abatutsi bakorerwa ihonyabwoko mu 1994. Akabona ko ubwo bwicanyi buriko buriyongera na cane cane ko hasanzwe intambara hagati y’imirwi ya leta n’umuhari M23.