Amakuru
28 mars 2023

Urubanza rwa Muganga Christophe Sahabo rwari rutegekanijwe mu Ruyigi kuri uyu wa kabiri rwasibijwe

Urubanza rwa mbere rwo kwumviriza Muganga Christophe Sahabo rwari rutegekanijwe kubera mw’ibohero rya Ruyigi kuri uyu wa kabiri, rwasivye. Imvo ngo ni uko sentare nkuru ya Muha yasubije dosiye y’urwo rubanza muri parike. Ingendo inegurwa n’abize ibijanye n’amategeko. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, akurikiranira hafi urwo rubanza, avuga ko kuba rwasibijwe ngo vyoba vyatumwe n’urwego nshingwantwaro rw’ibitaro Kira Hospital rwasavye kuja mu basaba gushumbushwa mu rubanza rw’ivyaha, ivyo bita partie civile ku munota wa nyuma, urwo rwego ruvuga ko rufise ibindi birego bishasha. Ku bwiwe, ngo kuzana ivyo vyemezo buca urubanza rwumvirizwa, kandi yari amaze umwaka apfunzwe, ngo vyerekana ko dosiye ya Christophe Sahabo igaragara.