Amakuru
5 janvier 2023

Urubanza rwa Floriane Irangabiye rwerekana ko ubutungane buri mu kwaha kw’ababukoresha ico bashaka

Kubona Floriane Irangabiye acirirwa urubanza rwo gufungwa ni icerekana ko ubutungane bukiri mu minwe y’ababukoresha ivyo bashaka. Ivyo bikaba bicafuza cane isura y’igihugu. Ivyo bivugwa na Innocent Muhozi, umuyobozi mukuru wa Télévision Renaissance. Abivuze inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri sentare ya Mukaza imenyesheje ko imuciriye imyaka 10 y’ugupfungwa hamwe n’ihadabu ringana n’umulioni w’amafaranga y’amarundi. Innocent Muhozi agasaba umukuru w’Igihugu kurekura Floriane Irangabiye kuko ariko azira ivyiyumviro vyiwe.