Amakuru
10 septembre 2021

UPRONA n’abategetsi bo mu 1972 baragirizwa kugira uruhara mu bwicanyi bwo mu 1972

Umurwi CVR ujejwe kuvugana ukuri no kurekuriranira uragiriza abategetsi mu gisirikare no mu ntwaro b’umwaka w’1972, umugambwe UPRONA be n’urwaruka rwa JRR rwegamiye uwo mugambwe kuba baragize uruhara mu bwicanyi bwahitanye cane cane abo mu bwoko bw’Abahutu. Petero Kalaveri Ndayicariye, arongoye CVR, agahamagarira abo bagirizwa ubwicanyi bwo mu 1972 gusaba ikigongwe Abarundi ku mugaragaro.