Amakuru
26 janvier 2024

Umwiherero wa CENI kugira bategure akazi k’amatora bimirije gutangura (P. Ntahorwamiye)

Umurwi mushasha urongoye umurwi ujejwe gutegura amatora CENI ukwiye kuba umurwi wizewe n’abanyagihugu bose ko ushoboye gutegura amatora meza. Vyamenyeshejwe na Prosper Ntahorwamiye, arongoye uwo murwi, igihe yatanguza ibirori vyo kwugurura umwiherero ku bakozi bashasha b’uwo murwi kuri uyu wa kane. Ntahorwamiye akaba yongeye avuga ko intumbero ari ukujanisha akazi ka CENI hamwe n’ubushobozi n’ubumenyi bw’umwe umwe mu bakozi imbere y’uko umwe wese ahabwa ico azokora.