Amakuru
12 juillet 2024

Umuzi w’indyane ziri mu buseruko bwa Congo ni ihonyabwoko ry’Abatutsi b’Abanyecongo (T. Gatabazi)

Ingorane iri mu buseruko bwa Congo ni itotezwa ry’Abatutsi b’Abanyecongo. Bivugwa na Tite Gatabazi, umuhinga mu mategeko asanzwe ari n’Umunyecongo avuga ikinyarwanda. Abivuze inyuma y’aho uwuserukira Congo avugiye mu Nama ya ONU ishinzwe amahoro n’umutekano kw’isi ko ingorane ziri mu buseruko bwa Congo ziterwa n’Abanyarwanda. Gatabazi ahamagarira abategetsi ba Congo kwemanga ko hari ikibazo hanyuma bakemera ibiganiro vyo kwiga ku nyishu zotorwa.