Amakuru
3 février 2023

Umuti ku ngorane z’amatongo mu ntara ya Bujumbura uriko uraboneka

Ibibazo vy’amatongo ngo bigiye gutorerwa umuti vuba mu ntara ya Bujumbura. Ivyo vyemezwa n’umushikiranganji w’Ibidukikije, uburimyi n’ubworozi. Sanctus Niragira yari yaramutse agendera iyo ntara ku munsi wa kane itariki 2 Ruhuhuma. Mu kiganiro yagiranye n’abanyagihugu, yishuye ku bibazo bitari bike, na cane cane ku bijanye n’amatati afatiye ku matongo.