Amakuru
12 juillet 2024

Umutekano w’akarere uri mu minwe y’abarongoye ibihugu (A. Rudatsimburwa)

Ni ngombwa ko umugambi wo kugarukana amahoro n’umutekano mu karere ubandanya, ariko kandi ni ngombwa ko ibihugu vyemera ko iyo ntambwe ikenewe kandi bakayigira iyabo. Bisigurwa n’umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akaba n’umusesanguzi Albert Rudatsimburwa. Akaba abivuze inyuma y’aho umuvugizi wa leta ya Congo, Patrick Muyaya, abeshuje ko ata biganiro biriko biraba mu gihe umushikiranganji w’Imigenderanire w’Urwanda yari yamenyesheje ko bahuye n’icegera c’umushikiranganji wa Congo ajejwe imigenderanire mw’izinga rya Zanzibar. Rudatsimburwa abona ko ugushaka kw’abarongoye akarere ari kwo kuzotora umuti w’umutekano muke umaze imyaka urangwa mu buseruko bwa Congo.