Amakuru
11 août 2023

Umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu arakwiye gufasha kugira Floriane Irangabiye arekurwe

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye akwiye gushigikirwa mu karenganyo arimwo, kumwe n’umuryango wiwe. Ivyo biri mw’isekeza ririko rirakorwa n’umurwi wa bamwe mu Barundi bipfuza kwegeranya imfashanyo yo gufasha umuryango wiwe uri kure y’aho apfungiwe. Reynolds Butari, umwe mu batanguje ico gikorwa, asaba umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu kuvugira Floriane nk’umuvyeyi apfunzwe yagirizwa ivyaha bidafashe. Butari avuga ko uwo mukenyezi w’umukuru w’Igihugu na we nyene abizi ko Floriane atigeze agira ico ciyumviro co gutera igihugu nk’uko sentare yabimwagirije.