Amakuru
22 janvier 2024

Umushikiranganji wo Kwivuna abansi aremera ko batwaye abasirikare b’Abarundi muri Congo

Abasirikare b’Abarundi bariko barwanira ku butaka bwa Congo ngo bagumyeyo kugira bacungere imbibe z’Uburundi na Congo mu ntumbero yo kwirinda aboshaka guhungabanya umutekano w’ivyo bihugu bibiri. Ivyo bishikirizwa na Alain Tribert Mutabazi, umushikiranganji wo Kwivuna abansi, aho yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca kabiri c’umwaka w’2023/2024. Hari ku wa gatanu uheze itariki 19 Nzero.