Amakuru
22 juillet 2023

Ikurwa mu gihugu ca Somaliya ry’inteko za Afrika zagiye kugarukana amahoro ryaratanguye

Ibihugu vyose biriko birafasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya mu co bise ATMIS, harimwo n’Uburundi, vyaratanguye gukurayo abasirikare bavyo hisunzwe ivyemejwe n’Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Vyashikirijwe n’umushikiranganji wo Kwivuna abansi igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka w’2022-2023. Alain Tribert Mutabazi amenyesha ko ico gikorwa kizoherana n’umwaka w’2024, inyuma y’aho, abasirikare ba Somaliya bakazoca bifatira ibintu mu minwe.