Amakuru
11 janvier 2022

Umuryango wa Afrika y’ubuseruko uripfuza gushiraho EACPass kugira urudandaza rubandanye

Hatanguye kuri uyu wa mbere inama y’abashikiranganji b’Amagara y’abantu, abo Gutwara ibintu n’abantu hamwe n’abajejwe ivy’Umuryango wa EAC. Iyo nama yatumweko n’umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, Dr Peter Mathuki, ikaba ifise intumbero yo kwemeza urupapuro bita certificat rwerekana ko abantu bakingiwe, ku banyagihugu b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Umunyamabanga mukuru wa EAC asigura ko muvyo ico cemezo kizofasha harimwo ukubandanya imigenderanire hagati y’ibihugu na cane cane kugira urudandazwa hagati yavyo rubandanye.