Amakuru
27 janvier 2023

Umurwi w’igihugu uraba ibijanye n’inkino watoye itegeko rizokingira igitsina gore mu gisata c’inkino

Itegeko rigiye gukingira abakinyi n’abanonozi b’imitsi ku mabi bakorerwa mu gisata c’inkino ryaratowe ku wa kabiri uheze igenekerezo rya 24 Nzero 2023. Bivugwa na Lydia Nsekera, arongoye umurwi w’igihugu ujejwe ivy’inkino (CNO). Hari mu gihe isi yahimbaza kw’igenekerezo rya 24 Nzero umunsi wagenewe inkino z’abigeme. Hakaba hari hatunganijwe ikiganiro cabaye hagati y’uwo murwi n’abakunzi b’inkino hamwe n’abarongoye imirwi y’inkino zitandukanye kugira baganire ku vyerekeye ihohoterwa ry’abakenyezi rikorwa mu bijanye n’inkino.