Amakuru
8 juillet 2021

Umurwi ujejwe kwihweza ibikenewe warashizweho n’abajejwe iperereza n’umutekano mu bihugu vy’ibiyaga binini

Intumbero y’inama yari imaze iminsi 2 yari iyo kwigira hamwe ingene ibihugu vy’Urwanda, Uburundi, Congo, Tanzaniya na Ouganda vyorwanya imirwi ivyo bihugu vyise iy’abicanyi. Hakaba hafashwe ingingo yo gushiraho umurwi ujejwe kwihweza ibikenewe « groupe de contact et de coordination » mu gifaransa, kugira ico gikorwa kizoshoboke. Abari muri iyo nama bakaba bashinze ikirangamisi c’uwo murwi. Vincent Nyakarundi, arongoye iperereza mu Rwanda, akaba ariwe yashikirije ivyavuye muri iyo nama.