Amakuru
20 octobre 2021

Imipaka y’Urwanda n’Uburundi irashobora kwugururwa kuko hariko haragaruka imigenderanire myiza

Urwanda rwakiranye icizere cinshi abarwanyi b’umuhari FLN ko hagiye kubandanya imigenderanire myiza hagati y’Urwanda n’Uburundi. Général Vincent Nyakarundi, ajejwe iperereza rya gisirikare mu Rwanda, yaboneyeho gusaba ko bofashanya mu kurwanya abandi barwanyi binyegeje mw’ishamba cimeza rya Kibira kugira ntibasubire kwica abanyagihugu ataco bazira. Akaba yamenyesheje ko igihugu ciwe cipfuza ko umutekano utera imbere kugira imipaka yugururwe, abanyagihugu basubire kwidegemvya mu bikorwa vyabo bisaba gukoresha imipaka.