Amakuru
11 janvier 2021

Umurwi ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR warashikirije ku munsi wa gatanu icegeranyo c’ivyo waranguye mu mwaka wose uheze

Umurwi ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR warashikirije ku munsi wa gatanu icegeranyo c’ivyo waranguye mu mwaka wose uheze imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka. Uwurongoye CVR, Pierre Claver Ndayicariye, yamenyesheje ko umurwi arongoye utararonka inyishu ku bijanye n’ubucuti buri hagati y’igitero caba Mulele mu bumanuko bw’igihugu hamwe n’ubwicanyi bwaciye butandukira ibice vyose vy’igihugu mu 1972.