Umurwi ugira amatohoza ku Burundi ukaba ushima bimwe muvyo Leta y’Uburundi iriko irakora, harimwo kuba yararekuye abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu, ariko ukaba unegura ingene agateka ka zina muntu kabandanya guhonyangwa. Doudou Diène, arongoye uwo murwi, akaba yabishikirije kuri uyu wa kane igihe uwo murwi wariko urashikiriza icegeranyo inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu. Agasaba amakungu kwama arikanuye ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.
Amakuru
11 mars 2021
