Amakuru
19 janvier 2024

Umurwi mushasha w’amatora CENI wiyemeje ko amatora azogenda neza

Kubona ata tegeko riraboneka rigenga amatora ntikizobuza ko ibikorwa vy’umurwi mushasha utegura amatora CENI uba urakora. Umukuru wa CENI mushasha, Prosper Ntahorwamiye, yabishikirije kuri uyu wa gatatu igihe bari bahejeje kubisikanya n’umurwi wahahora. Ivyo birori bikaba vyakwirikiye ibindi vyari bihejeje kuba igihe barahira imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka, kumwe n’abandi bakozi bashasha ba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro. Ntahorwamiye akaba yizeza Abarundi ko bazokora ibishoboka amatora y’2025 n’ayo mu 2027 agende neza kandi abe mu muco.